29 Naho wababurira kugira ngo basubire gukurikiza amategeko yawe, baragize ubwibone banka gukurikiza amabwirizwa yawe+. Baracumuye barenga ku vyagezwe wabahaye, kandi ivyo vyagezwe bituma umuntu abaho iyo abikurikije+. Babaye intagondwa bagutera ibitugu, bakomantaza amazosi, banka kwumva.