13 Maze ivyo vyumba vy’ububiko ndabizeza umuherezi Shelemiya, umwimuzi Sadoki n’Umulewi Pedaya. Uwabafasha yari Hanane umuhungu wa Zakuri, Zakuri wa Mataniya. Abo bagabo babonwa ko ari abizigirwa. Ni bo bari bajejwe kugabura ibintu bakabiha benewabo.