9 Umwe mu bakozi b’umwami bo ku kirimba yitwa Harubona+, aca avuga ati: «Hariho n’igiti Hamani yateguye co kumanikako Morudekayi+, umwe yatanze amakuru yakijije umwami+. Gishinze muhira kwa Hamani, kikaba kireha n’intambwe 50.» Umwami aca avuga ati: «Kimumanikeko.»