5 Hanyuma avuga ati: «Nimba uvyemeye mwami kandi ukaba ubona ko ndaguhimbara, nimba ubona ko bibereye kandi ukaba unshima, ndagusavye handikwe itegeko rivuguruza amakete ya wa mugambi wa Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, amwe yandika kugira ngo ahonye Abayuda bari mu ntara zose utwara.