22 kubera ko kuri iyo misi ari ho Abayuda baruhutse abansi babo, muri ukwo kwezi intuntu yabo igahinduka umunezero, bakava mu mubabaro+ bakaja mu musi mukuru. Bategerezwa kuyihimbaza nk’imisi y’inzimano no kunezerwa, ikaba imisi yo kugemuriranira ivyo kurya no guha ingabire abakene.