31 Kwari ukugira ngo wa Muyuda Morudekayi yemeze ihimbazwa ry’iyo misi ya Purimu kuri ya matariki yashinzwe, nk’uko we n’umwamikazi Esiteri bari babibategetse+. Abayuda na bo nyene bari biyemeje ko bo n’ababakomokako bazobikurikiza+, bagashirako n’ukwisonzesha+ be n’ugutakamba+.