19 Bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara, inzahabu zabo na zo bazizinukwe. Zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, nta na kimwe kizobakiza ku musi w’uburake bwa Yehova+. Ntibazohaga canke ngo buzuze inda zabo, kuko ivyo bintu vyabatsitaje bituma bakora amakosa.