19 Uzobwire ababa mu gihugu uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye ababa i Yeruzalemu mu gihugu ca Isirayeli: ‘Bazorya ibifungurwa bari n’amaganya, banywe amazi batekewe n’ubwoba bwinshi, kuko igihugu cabo cose kizosigara ari umusaka+ kubera ubukozi bw’ikibi bw’abakibamwo bose+.