26 Abaherezi bo muri co bararenze ku mategeko yanje+, kandi baguma bahumanya ibibanza vyanje vyeranda+. Ntibatandukanya ikintu ceranda n’igisanzwe+, kandi ntibafasha abantu kumenya igihumanye n’ikidahumanye+. Baranka kwubahiriza amasabato yanje. Barampumanije.