19 Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzotora agakoni ka Yozefu n’imiryango ya Isirayeli bari kumwe, agakoni kari mu kuboko kwa Efurayimu, ndagashire hamwe n’agakoni ka Yuda. Nzotuma utwo dukoni tuba agakoni kamwe+, ducike agakoni kamwe mu kuboko kwanje.’”