11 Ku musi mukuru no mu biringo vy’imisi mikuru, ishikanwa ry’intete azotanga rizoba ari ingero imwe ya efa ijāna n’ishuri, ingero imwe ya efa ijāna n’impfizi y’intama n’ibindi ashoboye gutanga bijana n’imyagazi y’intama y’amasuguru. Azobitangana n’ingero imwe ya hini y’amavuta kuri efa imwimwe+.