35 Ako kanya, ca cuma, rya bumba, wa mujumpu, ya feza na ya nzahabu, vyose vyaciye bijanjagurika maze bicika nk’umuguruka wo ku mbuga mu gihe c’ici, umuyaga uca urabitwara ntihasigara n’akavunji na kamwe. Rya buye ryakubita ca gishusho ryaciye ricika umusozi munini cane, maze wuzura isi yose.