28 Nebukadinezari aca avuga ati: «Hashemezwe Imana ya Shadrake na Meshake na Abedinego+, yo yarungitse umumarayika wayo akarokora abasavyi bayo. Bayizigiye, banka kugamburuka itegeko ry’umwami, kandi bemeye gupfa aho gukorera canke gusenga iyindi mana kiretse Imana yabo+.