2 Ivyo ngira nkubwire rero ni ukuri:
Umve, hari abandi bami batatu bazoganza Ubuperesi, kandi uwugira kane azokwegeranya ubutunzi bwinshi kuruta abo bandi bose. Niyamara gukomera kubera ubwo butunzi, azogumura abantu bose kugira arwanye ubwami bw’Ubugiriki+.