25 Azoja kurwanya umwami wo mu bumanuko ari kumwe n’ingabo nyinshi, abigire n’umutima wiwe wose n’inguvu ziwe zose, kandi umwami wo mu bumanuko azokwitegurira iyo ntambara ari kumwe n’ingabo nyinshi cane kandi zikomeye. Ariko ntazoshobora kumurwanya, kuko bazoba bamugiriye imigambi.