12 Ico gihe Mikayeli+, wa muganwa+ ahagaze kugira afashe ihanga ryawe azohaguruka. Kandi hazobaho igihe c’amarushwa atigeze abaho kuva habayeho ihanga gushika ico gihe. Muri ico gihe abantu bawe bazorusimba+, uwo wese izina ryiwe rizoba ryanditswe mu gitabu+.