10 Incuti yabo izoza kubatwara ibaturire umwumwe. Izosohora amagufa yabo hanze, hanyuma ibaze uwuri indani mu cumba iti: “Hari uwundi muri kumwe?” Na we azoyishura ati: “Nta n’umwe!” Izoca ivuga iti: “Hora! Kuko atari igihe co kuvuga izina rya Yehova.”’