5 Muzohungira mu mubande wo hagati y’imisozi yanje, kuko uwo mubande uri hagati y’imisozi uzoshika n’i Azeli. Muzobwirizwa guhunga nk’uko mwahunze kubera nyamugigima mu gihe ca Uziya umwami w’Ubuyuda+. Yehova Imana yanje azoza, kandi aberanda bose bazoba bari kumwe na we+.