17 Imvyaro zose rero zahaciye kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi zari 14. Kuva kuri Dawidi gushika igihe Abayuda bajanwa kugirwa imbohe i Babiloni haciye imvyaro 14, hanyuma kuva Abayuda bajanywe kugirwa imbohe i Babiloni gushika kuri Kristu haca imvyaro 14.