21 Muri uwo mwanya nyene, aca yuzura akanyamuneza kubera impwemu nyeranda maze avuga ati: «Ndagushemeza icese Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi n’incabwenge+ uvyitondeye, ariko ukabihishurira abana batoyi. Ego cane Dawe, kuko washimye kubigenza gutyo+.