26 Mugabo muramaze kwibonera no kwumva ingene uwo Pawulo yatumye isinzi ritari rito ryemera ivyo avuga rigahindura ivyiyumviro. Avuga ko imana zakozwe n’amaboko atari imana vy’ukuri+. Kandi ivyo ntabikora i Efeso+ gusa, arabikora no mu ntara ya Aziya nka yose.