16 Umuntu niyabona mwenewabo ariko arakora igicumuro kidashikana ku rupfu, nasenge maze Imana izoha ubuzima uwo muvukanyi+. Emwe izoha ubuzima abadakora igicumuro gishikana ku rupfu+. Ariko hariho igicumuro gishikana ku rupfu. Nta n’umwe mbwiye ngo asenge ku bijanye n’ico gicumuro.