12 Uwutsinda nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazogenda aruvuyemwo. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje+ n’izina ry’igisagara c’Imana yanje, ari co Yeruzalemu nshasha+ imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje, hamwe n’izina ryanje rishasha+.