8 Kimwekimwe cose muri ivyo binyabuzima bine cari gifise amababa atandatu yuzuyeko amaso hejuru no munsi+. Ijoro n’umurango vyaguma bivuga biti: «Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova+ Imana Mushoboravyose, umwe yamyeho kandi ariho kandi ariko araza+.»