8 ico gikoko wabonye cariho ariko ntikikiriho, mugabo kigira kiduge kiva mu nyenga+, kandi kibwirizwa kurandurwa. Ababa kw’isi bazotangara nibabona ingene ico gikoko cariho hanyuma kikavaho, ariko kigasubira kubaho. Amazina yabo ntiyanditswe mu gitabu c’ubuzima+ kuva kw’ishingwa ry’isi.