28 “‘Ariko nta kintu na kimwe cagizwe inyegu umuntu yoba yeguriye Yehova ku bwo gutikizwa+ kivuye mu vyiwe vyose gishobora kugurishwa, caba ico mu bantu canke mu bikoko canke mw’itongo yigabira, kandi nta kintu na kimwe cagizwe inyegu gishobora kugaruzwa+. Ni ikintu ceranda rwose kuri Yehova.