18 Uwo muherezi aze ahagarike nya mugore imbere ya Yehova, atekurure umushatsi wo ku mutwe wa nya mugore yongere ashire ku biganza vy’uno ishikanwa ry’intete ry’icibutso, ni ukuvuga ishikanwa ry’intete ry’ishari+, kandi mu kuboko kw’umuherezi hazobe hari ya mazi azana umuvumo+.