14 Ntihazogira uwurokoka canke uwucika kw’icumu ku bw’amasigarira ya Yuda yinjira mu gihugu ca Misiri kubayo ari ba kavamahanga+, egome, kugira ngo basubire mu gihugu ca Yuda, ico bipfuza rwose gusubiramwo ngo babeyo+; kuko batazosubirayo, kiretse abacitse kw’icumu bakeyi.’”