Akajambo ko ku mpera
^ [1] (ingingo ya 4) Birashoboka ko Pentekoti yahurirana n’igihe rya Tegeko ryatangwa ku Musozi Sinayi. (Kuv. 19:1) Nimba rero ari ukwo biri, nka kumwe nyene Musa yakoreshejwe mu kwinjiza Isirayeli mw’isezerano ry’Itegeko kuri uwo musi, ni na ko Yezu yari yinjije mw’isezerano rishasha kuri uwo musi nyene ihanga rishasha, ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.