Akajambo ko ku mpera
^ [1] (ingingo ya 3) Hari abo dusangiye ukwemera badashobora kwama bitaba amakoraniro kuko ata kundi bari bugire, nk’igihe barembejwe n’indwara. Barashobora kwizigira badakeka ko Yehova abatahura be n’uko aha agaciro ivyo bakora kugira bamusenge n’umutima wabo wose. Abakurambere boshobora gufasha abo batishoboye kugira bungukire kuri porogarama z’ivy’impwemu, kumbure bakabafasha kuzikurikira biciye kuri telefone canke bakabashira ivyo bafashe amajwi.