Akajambo k'epfo
a Ico kiza cafashe imero nyinshi, harimwo n’imero y’indwara ifatira mu duhimba tw’umubiri twitwa glandes lymphatiques (iyo bita mu gifaransa peste bubonique) be n’indwara y’umusonga. Imbaragasa, canecane imbaragasa zo ku mbeba, ni zo zakwiragije imero yitwa peste bubonique y’ico kiza, kandi abantu bamaze kwandura ico kiza, iyo basamuye canke bagakorora akenshi barashobora gukwiragiza imero y’ico kiza yafata mu buryo bw’indwara y’umusonga.