Akajambo k'epfo
c Mu buryo butandukanye na za nzige, ingabo z’abarwanira ku mafarasi Yohani yabonye ntizari zambaye “ibimeze nk’ingori zisa n’inzahabu.” (Ivyahishuwe 9:7) Ivyo birumvikana kuko abo muri rya sinzi rinini, muri iki gihe bakaba ari bo bagize igice kinini c’izo ngabo z’abarwanira ku mafarasi, badafise icizigiro co kuganza mu Bwami bw’Imana mw’ijuru.