Akajambo k'epfo
b Ahantu hanyuma Yozefu avugwa ni igihe Yezu uwari afise imyaka 12 bamusanga mu rusengero. Nta na hamwe herekana ko Yozefu yoba yari kuri bwa bugeni bw’i Kana, mu ntango y’igikenurwa ca Yezu. (Yohana 2:1-3) Mu 33 G.C., Yezu uwari amanitswe yarashinze Yohani intumwa yakundwa kubungabunga Mariya. Ico ni ikintu bisa n’uko Yezu atari kugira iyo Yozefu aba yari akiriho.—Yohana 19:26, 27.