Akajambo k'epfo
b Ku kirunga Rano Raraku, ku kinogo casigaye ahaciye ibirunga, hariho ibishusho vyinshi bibajwe ku bitandara. Aho ni ho ihiganwa ryahuza abantu baba bipfuza gutwara iryo zinga ryatangurira. Iryo higanwa ryari rigizwe n’ibi bintu: kumanuka igitandara, kwoga ugashika kuri rimwe mu mazinga matomato y’aho, kurondera irigi ry’inyoni imwe yo muri ako karere, kugaruka kuri iryo zinga woga, hanyuma ukurira ca gitandara ufise rya rigi, ukarishikana ritamenetse.