Akajambo k'epfo
a Mu kigiriki co mu ntango, ijambo ryahinduwe ngo “ububabare”, rihinduwe nk’uko riri, risobanura “ibise vy’ukwibaruka” (Matayo 24:8, Kingdom Interlinear). Ivyo vyerekana ko nka kurya kw’ibise vy’umugore agira yibaruke, ingorane zo mw’isi zizoguma zongerekana, zunyuke, kandi zimare igihe kirekire, zikaba agahebuza kuri ya marushwa ahambaye.