Akajambo k'epfo
a Bibiliya zimwezimwe, aho gukoresha muri uwo murongo “ukuboko”, zikoresha ingero y’umwanya, nk’akarorero “akanya na gatoyi” (Ubwuzure Bushasha), canke “umunuta umwe” (Bibiliya yitwa Impinduro yo mu rurimi rw’abanyagihugu [mu congereza], yahinduwe n’uwitwa Charles B. Williams). Ariko rero, ijambo ryakoreshejwe mu gisomwa co mu ntango risobanura neza na neza intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora, ikaba ireha na santimetero nka 45.