Akajambo k'epfo
a Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yarigaruriye umunara ukomeye w’Abayebusi wari ku Musozi Siyoni, maze awugira umurwa w’ubwami bwiwe (2 Samweli 5:6, 7, 9). Vyongeye, yarimuriye Isandugu ryeranda muri ico kibanza (2 Samweli 6:17). Kubera ko iryo Sandugu ryagereranya ukuhaba kwa Yehova, Siyoni rero cari nk’ikibanza Imana ibamwo, bikaba bibereye ko hagereranya ijuru.—Kuvayo 25:22; Abalewi 16:2; Zaburi 9:11; Ivyahishuriwe 11:19.