Akajambo k'epfo
c Uretse mu gihe amategeko ya Leta y’aho umuntu aba yoba asaba ko bigenda ukundi, izi ndagano zitera iteka Imana ni zo abageni bagiriranira. Umugabo avuga ati: “Jewe [izina ry’umugabo] ndagutwaye wewe [izina ry’umugore] ngo umbere umugore w’impeta, ngukunde kandi nguhoze ku mutima, nkurikije itegeko ry’Imana nk’uko riri mu Vyanditswe Vyeranda ku banega bakirisu, igihe cose tuzoba tubana kw’isi, nk’uko vyaringanijwe n’Imana mu mubano w’ababiranye”. Umugore na we avuga ati: “Jewe [izina ry’umugore] ndemeye ko untwara wewe [izina ry’umugabo] ngo umbere umugabo w’impeta, ngukunde kandi nguhoze ku mutima nongere nkwubahe bimwe bigera kure, nkurikije itegeko ry’Imana nk’uko riri mu Vyanditswe Vyeranda ku bakenyezi bakirisu, igihe cose tuzoba tubana kw’isi, nk’uko vyaringanijwe n’Imana mu mubano w’ababiranye”.