Akajambo k'epfo
c Vyaragaragaye ko ukuba Yozefu atavugwa mu nkuru ivuga ibijanye n’ubusuku bwa Yezu ari ikintu cibonekeje kubera yuko abandi bantu bo mu muryango wa Yezu, ni ukuvuga nyina wiwe, bene wabo na bashikiwe, bobo bavugwa. Nk’akarorero, ku bugeni bwabereye i Kana, turabona Mariya abugiramwo uruhara bimwe biboneka, eka mbere akibwiriza kugira ibintu bimwebimwe akoze, ariko Yozefu we ntavugwa. (Yohani 2:1-11) Ikindi gihe na ho, tubona abantu bo mu gisagara Kristu yakuriyemwo bavuga ko uwo mugabo Yezu ari “umuhungu wa Mariya” ntibavuge ko ari umuhungu wa Yozefu—Mariko 6:3.