Akajambo k'epfo
b Muri mwene ivyo bintu harimwo ibintu benevyo bafitiye uburenganzira bw’umuhinguzi, nk’imiziki, ibitabu canke amaporogarama ya orodinateri, vyaba ibicapuwe ku mpapuro canke ibibitswe mu vyuma bikoresha ubuhinga bwa none. Ibindi vyoshirwa muri uwo mugwi ni ibimenyetso canke amazina vyerekana ko ikintu kanaka cahinguwe n’umuntu kibure ishirahamwe kanaka, uburenganzira bwo guhingura canke kugurisha ikintu kanaka buhabwa umuntu umwe gusa canke ishirahamwe rimwe gusa, hakabamwo n’ibanga ry’umwuga be n’uburenganzira bujanye n’ivy’ihayanishwa ry’ibidandazwa.