Akajambo k'epfo
c Uwo Mwuzure watejwe n’Imana biboneka ko wazimanganije buhere rya tongo ry’i Edeni. Ibivugwa muri Ezekiyeli 31:18 bisa n’ivyerekana ko mu kinjana c’indwi B.G.C. (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu) “ibiti vyo muri Edeni” vyari bimaze igihe kirekire bitakiriho. Ku bw’ivyo, abantu bose bahavuye barondera itongo ry’i Edeni bibaza ngo riracariho, bariko baruhira ubusa.