Akajambo k'epfo
b Mu Balewi 19:18 havuga hati: “Ntukihore canke ngo ugirire inzika abo mu gisata cawe; kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” Indongozi z’idini ry’Abayuda zabona ko imvugo ngo “abo mu gisata cawe” na “mugenzawe” yerekeza ku Bayuda gusa. Itegeko ryasaba yuko Abisirayeli baguma bitandukanije n’ayandi mahanga. Ariko rero, ntiryashigikira iciyumviro caremeshwa n’indongozi z’idini zo mu kinjana ca mbere, cavuga yuko abantu bose batari Abayuda bari abansi bakaba kandi bategerezwa kwankwa umwe wese ukwiwe.