Akajambo k'epfo
b Rya Honyabwoko ryagirwa n’Abanazi ni akarorero kamwe k’ukuntu intwaro zimwezimwe zagerageje kuzimanganya amadini canke ubwoko. Mu gihe c’intwaro y’Abasoviyeti, amadini yo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti na yo nyene yaraburabujwe bimwe bikomeye. Raba ikiganiro kivuga ngo “Abantu b’abanyamahoro baburanira izina ryabo ryiza” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2011, wasohowe n’Ivyabona vya Yehova.