Akajambo k'epfo
b Naho urwo runani rw’ibihugu bibiri bigize intwaro nganzasi rwatanguye mu kinjana ca 18, Yohani avuga yuko iyo ntwaro yokwibonekeje mu ntango y’umusi w’Umukama. Nkako, ivyo bintu Yohani yeretswe biri mu Vyahishuwe, biranguka mu gihe c’“umusi w’Umukama.” (Ivyah. 1:10) Kuva mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose ni ho gusa uwo mutwe ugira indwi watangura gukora ari intwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri.