Akajambo k'epfo
a Abashakashatsi bamwebamwe bavuga yuko bene wabo na Yozefu babona ko iyo mpuzu se wabo yamuhaye yerekana ko yipfuza kuzomuha uburenganzira bwa samuragwa. Bari bazi ko Yozefu ari imfura y’umugore wiwe yakunda cane, akaba ari we yari yipfuje gutwara ubwa mbere. Vyongeye, Rubeni imfura ya Yakobo yari yararyamanye n’incoreke ya se, aba aratetereje se wiwe. Ivyo vyatumye uburenganzira yari afise bwa samuragwa bumuca mu myanya y’intoki.—Itanguriro 35:22; 49:3, 4.