Akajambo k'epfo
g Ku bijanye n’ibintu vyobaye mu misi ya nyuma, Yezu yavuze ati: “Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe vy’amahanga birangutse.” (Luka 21:24) Duca tubona rero yuko mu gihe ca Yezu, ubutegetsi bw’Imana bwaserukirwa n’abami batwara bari i Yeruzalemu butari bwasubireho. Kandi ivyo vyobandanije gushika mu gihe c’iherezo.