Akajambo k'epfo
b Abanyamisiri ba kera bafungura ubwoko bw’imikate burenga 90. Uca wumva ko umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa imikate kwa Farawo yari umuntu akomeye. Nayo umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami, yatwara umugwi w’abasuku bari bajejwe kuraba neza ko umuvinyu canke inzoga Farawo yanywa vyaba bimeze neza cane. Bategerezwa no kubirinda kugira ngo ntihagire uwubishiramwo ishano, ivyo bikaba vyarashobora gushika narirya hakunda gutegurwa imigambi yo kugirira nabi umwami canke kumwica. Ni co gituma uwuhereza ibinyobwa umwami wasanga kenshi aba umuhanuzi wiwe mwishikira.