Akajambo k'epfo a Ivyo bareze uwo mubwiriza, Yezu ntiyavuze ko kwari ukuri. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kurega’ muri Luka 16:1, ritekeye iciyumviro c’uko kwari ukubeshera uwo mubwiriza. Yezu rero ashimika ku kuntu uwo mubwiriza yavyifashemwo, aho gushimika ku mvo zari gutuma yirukanwa.