Akajambo k'epfo
a Umuhinga yitwa Marvin Pate yanditse ko abahinga benshi mu vya Bibiliya bibaza ko igihe Yezu yavuga ngo “uno musi” yoba yashatse kuvuga ko yari gupfa hanyuma akaja muri Paradizo uwo musi nyene, ni ukuvuga mu kiringo c’amasaha 24. Ariko uwo muhinga aca avuga ko ivyo bidahuye n’ibindi bivugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko Yezu amaze gupfa yashizwe mu mva, kandi ko mu nyuma yagiye mw’ijuru.—Mat. 12:40; Ivyak. 2:31; Rom. 10:7.