Akajambo k'epfo
b INSIGURO Y’AMAJAMBO: Kwonona umwana biba igihe umuntu akuze akoresheje umwana mu kwimara inambu y’umubiri. Aho harimwo guhuza ibitsina, guhuza igitsina n’umunwa canke kugicisha mu kibuno, gukuyakuya ibihimba vy’irondoka, amabere canke ibisusu be n’izindi ngeso z’ubushegabo. Birahambaye ko twibuka yuko igihe umwana yononywe aba yahenzwe, akaba asigaranye inkovu ku mutima kandi ko ata kosa aba afise. Naho abana b’abakobwa ari bo bakunze kwononwa, n’abana b’abahungu benshi birabashikira. Kenshi abagabo ni bo bonona abana, ariko n’abagore bamwebamwe barasambanya abana.